• Sun. May 19th, 2024

Joe Biden wa Reta Zunze ubumwe za America Yatsembye kohereza ibikoresho byagisirikare Igihugu ca Ukraine ca sabye.

ByBruce

Jan 31, 2023
Share with others

Political

Joe Biden, President wa Reta zunze Ubumwe za Amerika yatsembye kohereza Ukraine indege z’intambara zomubwoko bwa F-16, mu gihe abategetsi b’ik igihugu bakomeza gusaba imfashanyo zintambara zomukirere.

Abajijwe n’umumenyamakuru ejo ku wa mbere tariki 30.01.2023, nimba Amerika izohereza izi ndege, Biden yishuye ati “oya”

Ukraine iravuga ko ikeneye indege kugira ngo igenzure ikirere mu ntambara yayo n’Uburusiya.

Indege F-16 zo mu bwoko bwa Falcon ni zimwe mu zifatwa ko ari indege z’intambara zizewe kuruta izindi kw’isi kandi zisanzwe zikoreshwa n’ibindi bihugu nk’Ububirigi na Pakistani.

Vice Minister wa Ukraine muri ministries y’ububanye n’Amahanga, Andrii Melnyk, arashima cane iyi mfashanyo ariko agasaba ibihugu by’incuti gushinga “urunani rw’indege z’intambara” rwotuma Ukraine ironka indege z’intambara Eurofighters, Tornados, French Rafales hamwe na Gripen zo muri Suède.

Mu kiganiro ku co kuriki cumweru, umukuru wa Reta y’Ubudagi yavuze ko “bisa n’amafuti” mukuja impaka ku byo kuhereza Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare mu gihe bamaze kwiyemeza kohereza ama-chars yo mu bwoko bwa Leopard 2.

Avugana n’ikinyamakuru co mu Budagi Tagesspiegel, Olaf Scholz yavuze kandi ko ubumwe bwa OTAN/NATO butari mu ntambara n’Uburusiya kandi “ntirushobora kureka ngo ibintu biyangare gushika aho bigeze”.

Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) urarega OTAN ko yayiteye iciye ku bihugu ikorana na yo, ibihugu bihuriye murishirahamwe harimwo Amerika n’Ubudagi, bikaba bifite amayeri yokohereza Ukraine imbunda zotuma ibintu biyangara muri ino ntambara.

Ejo ku wa mbere tariki 30.01.2023, President Emmanuel Macron w’Ubufaransa yasubiyemwo aya magambo avuga ko kuvuga ko n’aho “Nta kintu na kimwe kibujijwe” ku kibazo co gufasha Ukraine, ntibitegerezwa kandi guteza ikibazo cange ngo binanize Ubufaransa kurwanya umwanzi wabo.

Ibindi bihugu byo mu muryango w’Ubumwe bw’Uburaya ntibiratanga igisubizo nimba hazoherezwa indege z’intambara.

Hagati aho, Pologne ivuga ko yiteguye kohereza Ukraine indege z’intambara ifatanije na OTAN.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.