• Sun. May 19th, 2024

Umukuru w’igihugu ca RDC, Félix Tshisekedi, yasabye L’ONI ko umugambi wokuvana Monusco muri RDC wihutishwa.

Share with others

Umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Congo, Félix Tshisekedi, yasabye ko umugambi wo kuvana abasirikare b’umuryango wa b’ibumbye ku butaka bwa Congo wihutishwa.

Izi Ngabo za L’ONI zimaze imyaka ikaba kaba 25 kuri ubu butaka bwa RDC. Ibi perezida Félix Tshisekedi yabivugiye mu Nama ya L’ONI igira iya 78, ikaba irimo kubera mu Mujyi wa New York, muri leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mw’ijambo rya Perezida Félix Tshisekedi, yagize ati: “Harageze ko Congo yifatira ibyemezo no gutegura ejo hazaza.”

Ku bwa Tshisekedi, ingabo za L’ONI zibarirwa mu bihumbi 15 zananiwe guhagarika imitwe y’itwaje imbunda irwanira ku butaka bwa Congo Kinshasa ndetse no kurinda abasivile ibitero bagabwaho.

Iki gihugu ca RDC, kigize imyaka myinshi gisaba ko ingabo za MONUSCO zihambira zikabavira mugihugu. Ndetse ibi byagiye biviramo ko abaturage benshi bahasesekarira amaraso nimugihe bakoraga imyigaragambyo basaba ko izi Ngabo za L’ONI zibavira kubutaka bwabo.

Mu mwaka wa 2020, ni ho akanama ka L’ONI gashinzwe umutekano kemeje ko ingingo zitandukanye zerekana ingene ibikorwa byo gucunga umutekano wa Congo hagati y’abasirikare ba L’ONI n’abasirkare ba Congo, bazotsimburana.

Mu gihe uwo mugambi werekana neza ko abasirikare ba L’ONI bazova ku butaka bwa Congo mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka wa 2024, Repubulika ya demokarasi ya Congo mu kwezi kw’icenda uno mwaka, yasabye ako kanama ka L’ONI gashinzwe umutekano gushira uwo mugambi mu kwa cumi na kabiri k’uno mwaka. Muri ico gihe, ni na ho Perezida Tshisekedi azoba ariko y’iyamamariza mu Matora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri.

Perezida Tshisekedi we yabwiye L’ONI ko bariya basirikare ba Monusco batagikenewe muri RDC kandi ko batizewe mugushira mubikorwa Inshingano zabo. Gusa leta Zunze ubumwe z’Amerika ziheruka kumenyesha akanama gashinzwe umutekano muri L’ONI ko hataragera ko Congo yifasha igikorwa co kurinda umutekano wa baturage.

Iki cyipfuzo co kwihutisha umugambi wo kuvana abasirikare ba L’ONI muri RDC, congeye kugaruka mu gihe hamaze kuba imyigaragambyo itari mike y’abaturage ahanini Muburasirazuba bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.

Ingabo za L’ONI ziri ku butaka bwa Congo kuva mu mwaka wa 1999.

By Bruce Bahanda.

Tariki 21/09/2023.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.