• Sun. May 19th, 2024

Ingabo z’umuryango wa EAC, zashinze itangazo hanze rimenyesha ko FARDC na M23 ko barenze kumasezerano yoguhagarika imirwano.

Share with others

Mw’itangazo rigenewe Abanyamakuru, ryashizwe hanze n’ingabo za karere ka Afrika y’iburasizuba (EACRF), harimo ko iz’ingabo zitangiye iperereza k’urupfu rw’umusirikare wabo uheruka kwicwa arashwe.

Ni Umusirikare wa EACRF, womungabo za Kenya, uheruka kwicwa arasiwe mubice bya Kanyamahoro homuri groupement ya Kibumba, teritwari ya Nyiragongo, mu Ntara ya Kivu y’Amajyaruguru.

Akaba yararashwe arapfa kuri uyu wa Kabiri, tariki 24/10/2023. Amakuru yaje avugako yoba yararashwe n’amasasu yavaga mungabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC, FDLR, Wagner na Wazalendo).

Mur’iri tangazo kandi EACRF, yamenyesheje ko ingabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC n’abambari babo kobarenze Amasezerano yoguharika imirwaro yasinyiwe i Luanda na Nairobi ndetse ko n’umutwe wa M23 nawo warenze kumasezerano. N’imu mirwano ikomeje M’uburasirazuba bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, aho umutwe wa M23 uhanganye n’ihuriro ry’imitwe y’itwaje imbunda ifasha Ingabo za FARDC kurwanya uyu mutwe.

Amakuru avugako ko uyu musirikare womungabo za EACRF w’ishwe arashwe umurambo we woherejwe mu gihugu ca Republika ya Kenya, ujanwe n’indege, kuri uyu wa Gatatu, tariki 25/10/2023.

Mugihe imirwano hagati ya M23 n’ingabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC, FDLR, Wagner na Wazalendo) yarimaze iminsi ibiri ibera muri Groupemant ya Buhumba na Kibumba, kuri uyu wa Kane, tariki, 26/10/2023, haramukiye agahenge kamahoro, M’uburasirazuba bwa RDC gusa impande zose bararebana ayingwe.

By Bruce Bahanda.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.