• Tue. May 21st, 2024

Abakozi b’ishirahamwe rya Oxfam baheruka ga gushimutwa na Wazalendo barekuwe.

Share with others

Abakozi b’ishirahamwe rya Oxfam, baheruka ga gushimutwa na Mai Mai muri RDC barekuwe.

Yanditswe na: Bruce Bahanda, tariki 14/08/2023, saa 10:20pm, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.

Kuri uyu wa Mbere, igihe cya Masaha ya mu gatondo nibwo byamenyekanye ko abakozi b’ishirahamwe rya Oxfam baheruka ga gushimutwa barekuwe bakaba bari bashimuswe ari abakozi ba 3.

Aba bagabo bari bafashwe kuwa Gatanu wi cyumweru gishize bakaba barafatiwe aho bita Tundu Mushegereza ho muri groupement ya Lemera, mu bwami bwa Bapfulero, mu Ntara ya Kivu yamajy’Epfo, mu gihugu ca Republika ya Democrasi ya Congo.

Nkuko Minembwe Capital News,yahawe ayamakuru nuko abo bagabo barekuwe, nyuma yuko hatanzwe akayabo ka mafaranga gusa ibi Perezida wa wa Soseyete sivile SOCICORDC ubwo yaganiraga n’itangaza makuru we yavuzeko abarekuwe bagiriwe Ubuntu nabari ba bashimuse!

Uyu muyobozi wa Soseyete sivile akaba ashinjwa kuba akorana n’imitwe y’inyeshamba ikorera mukibaya ca Rusizi murubwo buryo bikavugwa ko akunze gukingira ikibaba izi Nyeshamba.

Amashirahamwe atandukanye akorera mubice bya Plaine Dela Ruzizi, yasabye leta ya Kinshasa gukora ibishoboka byose igacungira abaturage umutekano ngo kuko Abakongomani barambiwe n’ibikorwa bigayitse bakomeje gukorerwa Kandi Ingabo za RDC ziba zirihafi mugihe abaturage bahemukirwa.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.