• Mon. Jul 8th, 2024

Ubushakashatsi buvugako ahagana mumwaka wa 2045, hazaba kurwanya urupfu.

Share with others

Bamwe mu bashakashatsi bo muri kaminuza ya leta Zunze Ubumwe Z’Amerika baheruka gutangaza ko mumwaka wa 2045 ko nta rupfu ruzoba rukibaho ku bantu.

Yanditswe na Bruce Bahanda, kw’itariki 11/07/2023, saa 4:30pm, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.

Nkuko babisobanura bavugako ahagana mumwaka wa 2045, abantu bagiye kuzaza babaho igihe kirekire kw’isi ku buryo ikibazo kijanye n’urupfu kitazoba kikivugwa.

Ibi n’ibyo dusanga mu gitabo giheruka kwandikwa n’abahanga babiri bo mu kigo c’ubushakashatsi ca kaminuza ya Massachusetts iri muri Leta zunze ubumwe za Amerika (Massachusetts institute of Technology).

Nkuko tubikesha urubuga rwa Maxiscience ,Abo bahanga babiri ni José Luis Cordeiro na David Woody, mubisobanuro byabo bavuga ko barimo gukora ubushakashatsi kugira bashobore gutora uko bohindura ibihora bibera mu mubiri yabantu bituma habaho ugusaza.

Urwo rubuga rukomeza ruvuga ko nko mu myaka 20 iri imbere, Abantu bazoshira indi miterere mumibiri yabantu, muri ubwo buhanga ku buryo abantu bazaza bivuza hakoreshejwe ubwo buhanga kandi ku kiguzi gito cane. Muri ico gihe, ngo hazoba hakenewe ko umuntu abaho umwanya munini kugira abone ubuvuzi bumusubiza kuba umuntu mutoya cangwa uwari umusaza akaba umusore.

Abo bahanga babiri bakemeza ko ibyo bitazigera bigira i ngaruka mbi nimwe ngukuko bizaba ari umwimerere.

Hazaba nokwiga ukuntu inyama z’ibikoko dusanzwe turya zitsimbura inyama zizoba zavanwe mumibiri yacu zishaje.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.