• Wed. Jul 3rd, 2024

Muri RDC batesheje agaciro kandidatire zabagabo babiri bahoze mu mitwe y’inyeshamba.

Share with others

Urukiko rushinzwe kurengera itegeko shinga ry’igihugu ca Republika ya demokarasi ya Congo rwatesheje agaciro kandidatire zabagabo babiri bahoze arinyeshamba bashakaga kw’iyamamariza kuba ba depite kurwego rw’igihugu.

Umwe muri abo ni Thomas Lubanga ukuriye umutwe wa politike witwa UPC hamwe na Yves Kawapanga Mandro akaba asanzwe mubagize ishaka rya MLC.

Aba bagabo bombi bakaba bashinjwa ibyaha byo Muntambara zabaye hagati mu mwaka wa 1998 na 2004. Kandi ko bari barakatiwe n’Urukiko Mpuzamahanga Mpanabyaha rwa ICC.

Mucyegeranyo casohotse kw’itariki 12 z’ukwezi kwa cenda(9) uyu mwaka. Uru Rukiko rushinzwe kurengera itegeko shinga rwatesheke agaciro kandidatire zabo nimugihe bari barangije kwiga dosiye zabo. Iri tegeko rikaba rivugako umuntu wese wigezeho gufungwa ndetse akana katirwa azira ibyaha byo Muntambara adakwiye kw’iyamamariza iyo myamya.

Thomas Lubanga, ashijwa ibyaha birimo kwinjiza abana bakiri bato mugisirikare abari munsi y’imyaka 15 ndetse nogukora ubwicanyi . Gusa uyu Mugabo yaje kurekurwa tariki 15 z’ukwezi kwa Gatatu umwaka wa 2022.

Naho Yves we yigeze gukatirwa n’Urukiko Rukuru rwa Gisangani, muri RDC tariki 13 z’ukwezi kwamunani, umwaka wa 2014, akaba yarakatiwe imyakicenda.

Mubyaha Yve yarezwe harimo ko yakoze ibyaha byo Muntambara, kwica, gukorana n’abarwanyi , gutunga ibirwanisho muburyo butemewe n’amategeko ndetse no guhonyanga agateka kazina Muntu.

Mbere yuko Yves Kawa y’iyunga mw’ishaka rya MLC, tariki 17 z’ukwezi kwa Gatanu, uyu mwaka, uyu mugabo yayoboye Chefferie ya Bahema mugace ka Bangwangi.

Amakuru avuga ko ubu butware bwe bukomoka kuri basekuruza kandi ko mbere yuko uyu Mugabo y’injira mubya politike ko harurwandiko yandikiye Guverineri w’Intara ya Ituri, ru mumenyesha ko agiye kwinjira mubijanye na politike.

By Bruce Bahanda.

Tariki 17/09/2023.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.