• Mon. Jul 1st, 2024

Habaye imirwano hagati ya M23 n’ihuriro ry’Ingabo zirwana k’uruhande rwa Guverinoma ya Kinshasa.

Share with others

Kuri uyu wa Kane, itariki ya 11/01/2024, habaye imirwano hagati ya M23 n’ihuriro ry’Ingabo za Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

N’i mirwano y’abaye igihe c’isaha zirindwi z’igicamunsi, iriya mirwano ikaba yabereye muri Localité ya Butare, Grupema ya Bashali-Mukoto, muri teritware ya Masisi, mu Ntara ya Kivu y’Amajyaruguru, mu gihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Kimweho ubuyobozi bw’u mutwe wa M23 ntaco bigeze bavuga kuri iy’i mirwano yabaye kuri uyu wa Kane. Gusa umwe mu baturage baturiye ibyo bice yahamirije Minembwe Capital News, ko iriya mirwano yu mvikanye mo imbunda ziremereye n’izito ariko iza k’umvikana akanya gato.

Yagize ati: “Ihuriro ry’Ingabo za Guverinoma ya Kinshasa, nibo bagabye igitero mu birindiro bya M23. Ariko Wazalendo n’abo bafatanije bakubiswe inshuro barahunga, imirwano yabaye akanya gato.”

Iy’i mirwano yongeye kubura mugihe hari hagize iminsi ibarirwa ku ntoki u mutwe wa M23 uhanuye Drone y’Ingabo za FARDC yo mu bwoko bwa Ch-4, aho binavugwa ko yari yarabazonze.

Bi baye mugihe kandi umutwe wa M23 ufatanije n’i Shyaka rya Alliance Fleuve Congo, ejo hashize na none, bakiriye abayoboke benshi harimo n’Abasirikare ba biri bafite ipeti rya Colonel, bakaba baravuye mu Gisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk’uko bye mejwe n’u muvugizi wa M23 mu bya gisirikare, major Willy Ngoma.

Bruce Bahanda.

By Bruce

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.

One thought on “Habaye imirwano hagati ya M23 n’ihuriro ry’Ingabo zirwana k’uruhande rwa Guverinoma ya Kinshasa.”

Comments are closed.